N’ubu Amerika ntirashira hasi mu bitero vyayo kuri Irani, mu gihe Trump yaburiye uguhora ingabo zishwe
N’ubu Amerika ntirashira hasi mu bitero vyayo kuri Irani, mu gihe Trump yaburiye uguhora ingabo zishwe
Mw’ijoro rigira cumi ubudasiba, igisirikare ca Amerika kivuga ko cagavye ibindi bitero kuri Irani, kikavuga ko ari uguhasha iki gihugu kugira ngo gihebe gutera amato aca muri wa Muhora wa Hormuz.
Ibi bitero vyabaye inyuma y’aho Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ahigiye Irani ko azotegerezwa guhora urupfu rw’abasirikare ba Amerika.
Mu kwihora, Irani ivuga ko yaciye irasa amato abiri atwara igitoro muri iyo nzira yo mu mazi, hamwe no ku bigo vya gisirikare vya Amerika muri Bahrain na Koweit, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta IRNA. Perezida Masoud Pezeshkian avuga ko ubu Irani iri mu “ntambara yuzuye” na Amerika.
Ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika mu karere (Centcom) bwanditse kuri X ko ivyo bitero bishasha vyagabwe ku “bigo vy’ubuyobozi bwa gisirikare, ibigo vy’ingabo zirwanira mu mazi, ibibanza birasiramwo ibisasu vya misire be n’ibirungikirwako za ndege zitajamwo abadereva [drone], hamwe ibigo vy’ingabo zirwanira mu kirere” vya Irani.
Centcom ivuga kandi ko amato y’ubudandaji yabandanije ingendo mu Muhora wa Hormuz.
Hagati aho, ikigo c’Ubwongereza kijejwe umutekano w’ingendo z’ubudandaji zo mu mazi (UKMTO) kivuga ko ubwato bumwe bwariko buca mu Muhora wa Hormuz bwamenyesheje ko bwarashwe igisasu kitamenyekanye, bituma abari muri bwo babuvamwo baja mu bwato bw’ubutabazi.
Ntivyamenyekanye neza nimba ubwo bwato buvugwa na UKMTO ari bumwe muri ayo Irani yavuze ko yarashe.
Ahandi muri ako karere, igisirikare ca Yorodaniya cavuze mu masaha yitereye y’ejo ku wa mbere ko camanuye ibisasu vya misire vya Irani bitatu, mu gihe inzamba zo kugabisha ibitero vya misire zumvikanye mu gihugu cose aburira ko hari ibitero vyariko biraza.
Imbere y’aho, igisirikare ca Koweit cavuze ko cakoroye amadrone ya Irani.
Bahrain na yo ivuga ko ama-drone yarungitswe na Irani yari atumbereye ubuhinga bwayo bwo kuyobora uruja n’uruza rwo mu kirere, ariko ko ingendo z’indege zitahungabanye.
Ayandi makuru kuri iyi ntambara:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
How it works
Once you click Generate, Ollama reads this article and crafts 5 comprehension questions. Your answers are graded against the article content — general knowledge won't be enough. Score 70+ to count toward your certificate.
Questions are cached — you'll always get the same 5 for this article.