Afrika yâEpfo â Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ryâabantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bwâibihugu vyabo
Afrika yâEpfo â Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ryâabantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bwâibihugu vyabo
Isinzi ryâabantu ridasanzwe ryagandagaje hanze y'ubuserukizi bwa Nigeria na Malawi, muri Afrika y'Epfo, kandi biravugwa ko hakiri nâabandi bariko barashika bavuye mu bice bitandukanye vya Afrika yâEpfo.
Incamake
- Kenya: Sentare yafatiriye amadolari 274.000 y'ishami rya sosiyete yo mu Burundi, mu matohoza y'iyo ayo mafaranga akomoka
- Uganda yahagaritse ingendo shure inyuma y'isanganya ryahitanye abanyeshure 20
- Afrika y'Epfo â Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ry'abantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bw'ibihugu vyabo
- Icegera c'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.
- Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane mu matora y'Umukuru w'Igihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo matora.
- Abanyamategeko ba Perezida Donald Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza runini rwo kumuserereza buguruje bitwarira BBC.
- Amerika yagavye urundi rukurikirane rw'ibitero kuri Irani, mu gihe impande zompi zibandanya kurwanira kugenzura wa Muhoro wa Hormuz.
- Igipolisi ca Uganda gitangaza ko abana 20 baraye bapfuye inyuma y'aho bisi yari itahanye abanyeshure bavuye mu rugendo rw'ishure igiriye isanganya mu karere ka Kapchorwa mu buseruko bw'igihugu.
- Amakuru ava muri Republika ya Demokarasi ya Congo avuga ko igico c'abanyagihugu bashangashiwe cateye ibitaro birimwo ikigo kivura indwara ya Ebola, abarwayi hamwe n'abakozi b'ubuvuzi barata barahunga.
- Agapira (maillot) kambawe n'icamamare mu mupira w'amaguru, Pelé, mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi co mu 1958, kagurishijwe amadolari miliyoni 4,9 z'Abanyamerika mu camunara i New York.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu
Kenya: Sentare yafatiriye amadolari 274.000 yâishami rya sosiyete yo mu Burundi, mu matohoza yâiyo ayo mafaranga akomoka
Sentare nkuru, mu gisata cayo kijejwe kurwanya ibiturire nâivyaha vyâubutunzi, yemeje ko yafatiriye amafaranga agera ku madolari 274.000 yâAbanyamerika (mu mafaranga yâUburundi ni hafi imiriyoni 800) ya sosiyete Eis Afrika Group Limited, ishami rya sosiyete yo mu Burundi izwi nka EIS Company SPRL Burundi, ikora ibijanye nâubwubatsi.
Abakora amatohoza bibaza ko ayo mafaranga ashobora kuba yakomotse mu nzira zâivyaha bakaba bashaka kumenya niba koko yaronswe biciye mu bikorwa binyuranye nâamategeko.
Abacamanza bafise dosiye bamenyesha ko iyo sosiyete idafise ububasha bwo gukura ayo mafaranga kuri konte, kuyarungika ahandi canke kuyakoresha gushika igihe urubanza ruzoba rwarangiye umuco wose wabonetse.
Bemeza kandi ko ayo mafaranga azoguma akingiwe mu kiringo hazoba hariko haregeranywa ivyemezo vyose bikenewe bizoshikirizwa sentare.
Amakuru ava mu begereye ubutegetsi bwâUburundi avuga ko iyo sosiyete ari iyâabanyamahanga ariko yanditswe mu Burundi hisunzwe amategeko yâico gihugu agenga amasosiyete.
Izindi nkuru wosoma:
Uganda yahagaritse ingendo shure inyuma y'isanganya ryahitanye abanyeshure 20
Reta ya Uganda yabaye irahagaritse ingendo shure zose, inyuma y'impanuka ya bisi yabaye ku mugoroba wo ku wa kane ihitana abanyeshure 20 n'umuntu umwe akuze.
Abandi benshi, harimwo abigisha nâabarezi, barakomerekeye muri iryo sanganya ryabereye mu karere ka Kapchorwa, mu buseruko bwa Uganda.
Amatohoza ya mbere yerekana ko iyo bisi yagize ingorane yâubuhinga igihe yari igeze ahantu hamanuka, umushoferi ananirwa kuyigarura, nkâuko vyemezwa nâabategetsi.
Muri Uganda, abantu ibihumbi barahitanwa nâamasanganya yo mwâibarabara buri mwaka. Ariko impanuka yo ku wa kane, ni imwe mu zahitanye abana benshi kuruta izindi mu myaka ya vuba.
Mwâitangazo ryo guhagarika vy'igihe gito ingendo shure gushika amatohoza arangiye, Umushikiranganji w'indero, John Chrysostom Muyingo, yagize ati:
"Nk'ingingo yihutirwa yo gukinga, dutegerezwa kugira ico dukoze kugira umutekano w'abana bacu urushirize gukingirwa."
Izindi nkuru wosoma:
Ebola : Abanyamerika indwi bashizwe ukwa bonyene mu kigo co muri Kenya â Ishirahamwe ry'abagiraneza
Abakozi indwi b'Abanyamerika bahora mu bikorwa vyo kurwanya Ebola muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) baherutse gushirwa ukwa bonyene mu kigo cabigenewe kiri muri Kenya, inyuma y'uko reta ya Amerika ishizeho amategeko akomeye abuza abantu bahora mu bihugu birimwo ico kiza gushoka binjira ku butaka bw'ico gihugu.
Ivyo bishikirizwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, risubiramwo amakuru ryabwiwe n'ubuyobozi bw'ishirahamwe ry'abagiraneza ryo muri Amerika ryahora ribakoresha.
Inkuru iramvuye soma ngaha
Afrika yâEpfo â Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ryâabantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bwâibihugu vyabo
Abanyamahanga amajana bariko bakoranira imbere y'ubuserukizi bwâibihugu vyabo butandukanye muri Afrika y'Epfo, barondera ubufasha kugira batahukanwe iwabo, mu gihe abategetsi bariko barongereza akariro mu guhiga abimukira baba muri ico gihugu badafise ivya ngombwa vyemewe nâamategeko.
Isinzi ryâabantu ridasanzwe ryagandagaje hanze y'ubuserukizi bwa Nigeria na Malawi, kandi biravugwa ko hakiri nâabandi bariko barashika bavuye mu bice bitandukanye vya Afrika yâEpfo.
Zimwe muri reta zisa nâizitariko ziroroherwa mu gufasha abanyagihugu bazo bipfuza gutahukanwa, mu gihe ababisaba bagenda biyongera cane.
Igipolisi ca Afrika y'Epfo kivuga ko mu kiringo câindwi zibiri ziheze hamaze gufatwa abimukira barenga ibihumbi umunani badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko. Ni mu gihe kuva isekeza ritanguye mu kwezi guheze, abantu barenga ibihumbi 53 ari bo bamaze kwirukanwa canke gusubizwa mu bihugu vyabo.
Izindi nkuru wosoma:
'Maillot' yambawe na Pele mu 1958 yagurishijwe ica munara ku miriyoni 4,9 z'amadorari
Agapira (maillot) kambawe nâicamamare mu mupira wâamaguru, PelĂ©, mu rukino rwa nyuma rwâigikombe câisi co mu 1958, kagurishijwe amadolari miliyoni 4,9 zâAbanyamerika mu camunara i New York.
Ivyo bituma kaba agapira ka kabiri kambawe nâumukinyi wâumupira wâamaguru kagurishijwe ku giciro kinini kuruta utundi twose gushika ubu.
Haheze imyaka ine agapira ka Diego Maradona yari yambaye igihe yatsinda igitsindo camenyekanye nkâ âIkiganza câImanaâ (Hand of God) mu rukino rwa Argentine nâUbwongereza mu gikombe câisi co mu 1986, kagurishijwe amadorari yâAbanyamerika miriyoni 9,3.
Agapira ka PelĂ© kaheruka kugurishwa mu mwaka wa 2004 amadolari yâAbanyamerika 100.000 arenga gato.
Ayandi makuru kur Pele:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Philippines iriyamiriza videwo yerekanywe n'ibinyamakuru vyâUbushinwa iyerekana nkâinkende
Reta ya Philippines iriyamiriza videwo yashizwe ahabona nâibimenyeshamakuru vyegamiye reta yâUbushinwa, yerekana ico gihugu nkâinkende.
Iyo videwo yiyamirizwa na Philippines, yakozwe hakoreshejwe ubwenge bwâubukorano (AI), reta y'ico gihugu ikabona ko isuzugura abantu kandi irimwo ivangura ruhu.
Igaragaza inkende isa nâiyifise ubwoba, yambaye umwambaro kama wa Philippines, iriko ihabwa ibirwanisho na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe nâUbuyapani kugira ngo irwane nâUbushinwa mu karere kâIkiyaga câUbumanuko bwâUbushinwa (mer de Chine mĂ©ridionale/South China Sea).
Ubushikiranganji bwâImigenderanire yâUbushinwa buvuga ko iyo videwo iterekana aho reta yâUbushinwa ihagaze.
Haraheze imyaka cumi sentare mpuzamakungu yemeje ko ibirego vyâUbushinwa ku bice binini vyâiyo nyanja bidafise ishingiro mu mategeko mpuzamakungu. Ariko Ubushinwa bwarihojeje uwo mwanzuro.
DRC: Ikigo kivura indwara ya Ebola catewe nâabanyagihugu barakaye
Amakuru ava muri Republika ya Demokarasi ya Congo avuga ko igico câabanyagihugu bashangashiwe cateye ibitaro birimwo ikigo kivura indwara ya Ebola, abarwayi hamwe nâabakozi bâubuvuzi barata barahunga.
Umukozi wâubuvuzi akorera ku bitaro vya Nyakunde, hafi yâigisagara ca Bunia, yavuze ko incuti zâumurwayi zinjiye ku nguvu muri ivyo bitaro, zitera amabuye zongera zonona uruzitiro.
Aba banyagihugu bari barakajwe nâurupfu rwâumugore yari yagiye kwibarukira muri ivyo bitaro, ariko aza kugira ikibazo gikomeye co kubura amaraso.
Ibitaro vyaranse ko abo mu muryango wiwe baza kumuha amaraso yo kumufasha, bivuga ko guterera amaraso abarwayi bibujijwe mu gihe câivyaduka.
Uno mugore yahavuye asandaba, ubwo nyene ico kigo gica kiraterwa.
Ishami rya ONU rijejwe amagara yâabantu kwâisi (OMS/WHO) rivuga ko ukwiyongera kwâukutizigira abakozi bo mu buvuzi hamwe nâumutekano muke biriko birabangamira utwigoro two kurwanya ikiza ca Ebola.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Uganda: Abanyeshure 20 baraye baguye mwâisanganya ryâimodoka
Igipolisi ca Uganda gitangaza ko abana n'imiburiburi 20 hamwe nâumuntu umwe akuze baraye bapfuye inyuma yâaho bisi (bus) yari itahanye abanyeshure bavuye mu rugendo rwâishure igiriye isanganya mu karere ka Kapchorwa mu buseruko bwâigihugu.
Abandi bantu benshi, harimwo nâabigisha, barakomeretse igihe iyo bisi yata ibarabara ku mugoroba wâejo ku wa kane.
Umushoferi wâiyo modoka yo mu bwoko bwa Isuzu yegukira ishure King David Junior School yo mu karere ka Makindye, ku mugwa mukuru i Kampala ntaramenyekana, nkâuko bivugwa nâigipolisi.
Amatohoza ya mbere yerekana ko iyo bisi yagize ikibazo câubuhinga (mĂ©canique) imbere yâuko umushoferi ananirwa no kuyigarura, ica igonga urutare runini rwari iruhande yâibarabara hanyuma ica iragarama.
Abategetsi bavuga komuri ino myaka ya vuba iryo barabara ryagiye ribako amasanganya atari make akomeye.
Igipolisi kivuga ko kikibandanya amatohoza kugira ngo kimenye neza na neza icateye iri sanganya.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Amerika irabandanya nâibitero kuri Irani, Tehran ivuga ko mwâijoro rigira gatandatu ibigo vya gisivire vyatewe
Amerika yagavye urundi rukurikirane rwâibitero kuri Irani, nkâuko igisirikare cayo cabimenyesheje, mu gihe impande zompi zibandanya kurwanira kugenzura wa Muhoro wa Hormuz.
Muri ibi bitero vyaraye bibaye mwâijoro rigira gatandatu vyikurikiranya ubudasiba, ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani bitangaza ko Amerika yateye ibikorwa remezo vya gisivire, harimwo ibiraro, igituro ca gari ya moshi hamwe nâikibuga câindege. BBC yashoboye kubona kimwe mu biraro vyatewe mu burengero bwâigisagara ca Bandar Abbas, mu ntara ya Hormozgan.
Mu rutonde rwabwo rwerekana âibibanza vya gisirikare vya Irani vyateweâ, ubuyobozi bwâingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) ntibwavuze ko mu bibanza ingabo za Amerika zarashe harimwo ibiraro. Ibi bitero vyagiye kurangira mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatanu.
Buvuga ko indege zâintambara, indege zitajamwo abadereva (ama-drone) hamwe nâamato yâintambara vyarashe âibigo bijejwe gucungera inkengera zâinyanja, nâivyo kwivuna ibitero vyo mu kirere, ibigo vya gisirikare, hamwe nâibigo vyâigisirikare kirwanira mu maziâ.
Ibi bitero vyabaye mu gihe mu ntango zâino ndwi, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yagabishije Irani ko ibiraro nâibigo vyâamasoko ntanganguvu vyayo bishobora guterwa mu gihe itokwemera gusubira mu biganiro.
Buri gihe Amerika ikoze ibitero, Irani na yo ica yihora mu gukora ibitero ku bihugu bicuditse na Amerika.
Kuri uno wa gatanu, reta ya Tehran yatangaje ko yateye ibigo vya gisirikare vya Amerika biri muri Koweit na Bahrain, inyuma yâuko yagirije Washington gutera ikibuga câindege ca Iranshahr mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Irani, igituro ca gari ya moshi ya Bandar Khamir hamwe nâibiraro bitanu biri muri ico gisagara co ku nkengera yâinyanja.
Mu gihe ibi bitero bishasha bizingamitse amasezerano ya mbere agamije guhagarika intambara, umuvugizi wâibiro vyâumukuru wâigihugu ca Amerika, Karoline Leavitt, yavuze ejo ku wa kane ko Trump agifise ishaka ryo kuganira na Irani.
Avuga kandi ko Irani igishaka gushika ku masezerano na Amerika, ariko agabisha ati: âTuriko turavugana na bo, ariko umukuru wâigihugu ntazokwigera abemerera ko barasa amato ngo biherere ngahoâ.
Mu gihe ibitero biguma vyiyongera, Umuhora wa Hormuz, inzira kirumara mu kwunguruza igitoro iracazibiye, ibi na vyo bikagira ingaruka ku biciro vyâigitoro kwâisi yose.
Ayandi makuru kuri iyi ntambara hano:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Ababuranira Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza bitwariyemwo BBC
Abanyamategeko ba Perezida Donald Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza runini rwo kumuserereza buguruje bitwarira BBC.
Bakuyemwo ibirego bari batanze ku mashami abiri ya BBC, ari yo BBC Studios Production, ishami ritunganya ibiganiro vya radio na televizio, hamwe na BBC Studios Distribution, ishami rishinzwe gukwiragiza ivyo biganiro kwâisi yose.
Ni impande zibiri muri zitatu zitwariwe muri urwo rubanza. Ariko ikirego câamamiriyaridi menshi yâamadolari kiregwa BBC ubwayo kirabandanya.
BBC yasavye imbabazi Trump kubera guhindura igice kimwe câikiganiro ca Panorama, gisa nâicerekanye ko yahimirije abanywanyi biwe mu buryo butaziguye gutera no kwinjira ku nguvu mu ngoro yâInama Nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika (US Capitol) muri Nzero (1) 2021.
Ariko iki kimenyeshamakuru caranse ivyo Trump asaba ko ahabwa indishi yâakababaro.
Ayandi makuru kuri ibi:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze mu matora yatsinzwemwo mu 2020
Perezida Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane mu matora yâUmukuru wâIgihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo matora.
Mwâijambo yashikirije igihugu, Trump, yatsinzwe muri ayo matora na Joe Biden, yasubiyemwo ivyo amaze igihe avuga ko ayo matora yibwe kandi ko atabaye mu muco.
Muri iryo jambo, Trump yavuze ko reta ya Amerika igiye gushira ahabona inyandiko zigaragaza ko Ubushinwa bwinjiye mu madosiye yâabatora bashika ku miriyoni 220. Ariko ntiyasiguye ingene ayo makuru ashobora kuba yarakoreshejwe mu kugirira nabi Amerika canke mu kugira ico ahinduye ku matora.
Trump kandi yagirije ivyo yise âdeep stateâ, ni ukuvuga bamwe mu bakozi bâinzego za Amerika zijejwe igendereza, ko bakingiye ikibaba Ubushinwa mu bikorwa vyabwo vyo kwivanga mu matora yo hagati muri manda (midterm elections) yo mu 2018 hamwe no mu matora yâumukuru wâigihugu yo mu 2020.
Ariko rero, amatohoza menshi, igenzura (audit) ryâamatora ryakozwe incuro zitandukanye hamwe nâimanza zaburanishijwe mu masentare atandukanye, nta na hamwe higeze haboneka ivyemezo vyâubusuma mu matora.
Imbere yâiri jambo, abakeba biwe, ni ukuvuga Abademokarate, bari bagabishije ko Trump ashobora kuba ariko ategura inzira yo kwivanga mu matora yo hagati muri manda ategekanijwe muri Munyonyo (11), amatora Abarepubulikani bashobora gutakariziramwo ubwiganze bwabo mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
JD Vance, icegera ca Donald Trump, yagiriza Israel âkwosha Abanyamerikaâ kugira intambara yo muri Irani ibandanye
Icegera câUmukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.
Mu kiganiro casohowe ku wa gatatu, Vance yabwiye umunyamakuru Joe Rogan ko naho yizera bamwe mu bari muri reta ya Israel, hari abandi âbariko bakinisha kandi bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara ibandanye igihe kitagira iherezoâ.
Reta ya Israel ntiyashotse igira ico ivuze ku majambo ya Vance.
Muri ico kiganiro, The Joe Rogan Experience, Vance yavuze ko hari abantu bo muri reta ya Israel bagerageza kuzimiza Amerika mu nzira yayo yo kuganira na Irani, kandi ko hari ivyemezo vyerekana ko bamwe mu bategetsi ba Israel ivyâamasezerano.
Yagize ati: âNdibaza neza ko mwabonye uwo mugambi wo mu mpisho kandi urimwo amafaranga menshi, wo kugerageza kuburizamwo ibiganiro no kuburizamwo amasezeranoâ.
Amerika na Irani bashitse ku masezerano yâumwumvikano (MOU) mu kwezi guheze, yemera ko ibiganiro bibandanya, harimwo amasezerano yâagahengwe kâimisi 60 nubwo yahagaze, hamwe nâingene Umuhora wa Hormuz wokwugururwa.
Ariko, icuka kibi kuri uno muhora carasubiye kuvyuka mbere Amerika yarongereje ibitero vyayo kuri Irani, Tehran na yo ikihorera ku ncuti za Amerika mu karere.
Vance avuga ko ari ibisanzwe mu migenderanire y'ibihugu kubona hari bamwe mu bategetsi ba Israel banegura canke bagerageza kwumvisha Amerika kwemera ivyiyumviro vyabo, ariko ko ikimubabaza ari uko hoba abategetsi ba Amerika bokwemera ako kosho.
Aya ni ayandi majambo ari mu rukurikirane rwâamajambo yo kunegura Israel amaze imisi ashikiriza, mu gihe ubutegetsi bwa Trump bubandanya burondera ingene iyi ntambara yorangira, haba mu nzira yâibiganiro canke mu bitero bishasha vya gisirikare.
Amerika na Israel vyatanguje intambara kuri Irani mu kwa kabiri, bituma Irani na yo yishura mu gukora ibitero kuri Israel no ku ncuti za Amerika mu Kigobe câAbarabu.
Israel ibona ko Irani ari ikibazo gikomeye ku kubaho kwayo, igashaka ko umugambi wayo wa nikleyeri nâuwo guhingura ibisasu vya misire uhagarara burundu, kandi intwaro igahinduka.
Hagati aho, ku wa gatatu inama nshingamateka yaranse integuro yo kugabanya imfashanyo yâamamiriyaridi menshi yâamadolari Amerika iha Israel.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.
How it works
Once you click Generate, Ollama reads this article and crafts 5 comprehension questions. Your answers are graded against the article content â general knowledge won't be enough. Score 70+ to count toward your certificate.
Questions are cached â you'll always get the same 5 for this article.