Ubwongereza bwatangiye amagerageza y'urukingo rwa Ebola rwakozwe mu byumweru umunani
Ubwongereza bwatangiye amagerageza y'urukingo rwa Ebola rwakozwe mu byumweru umunani
Ikigo cy'Ubwongereza cy'ubugenzuzi bw'imiti cyahaye uruhushya urukingo ruri mu igerageza ngo rugeragerezwe ku bantu bakuru bafite ubuzima bwiza.
Incamake
- Igihe Amerika yaheruka kuzibira ibivuko vya Iran vyari vyagenze gute?
- Amerika isubijeho ingingo yo kuzibira ibivuko vya Iran â Trump
- Umunyamerika wa kabiri yanduye Ebola yimuriwe mu Budagi
- Sudan: Umukuru w'umuhari RSF yaciriwe urwo gupfa ku vyaha vyo mu ntambara
- Umukuru wa ONU aragabisha ku 'ngaruka mbi cane' mu gihe Iran na Amerika vyasubiriye kurasana
- Nta bwato bwagaragaye buriko buraca mu muhora wa Hormuz
- Ubwongereza bwatangiye amagerageza y'urukingo rwa Ebola rwakozwe mu byumweru umunani
- Thailand: Abantu nibura 27 bapfuye abandi 25 barakomereka cyane mu muriro wadutse mu kabari i Bangkok
- Ikipe ya karate y'u Burundi yegukanye umwanya wa gatatu mu irushanwa ry'Afurika yo hagati
- Afurika y'Epfo ivuga ko abanyamahanga barenga 53,000 birukanwe mu gikorwa cy''imicungire y'abimukira'
- Amerika ishimangira ko Umuhora wa Hormuz ufunguye mu gihe yarasanye na Iran
Amakuru y'ikibiriraho
Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu
Igihe Amerika yaheruka kuzibira ibivuko vya Iran vyari vyagenze gute?
Perezida wa Amerika Donald Trump yatangaje ubwa mbere ko Amerika izibiye ibivuko vya Iran ku wa 13 Ndamukiza (4).
Ico gihe hari haciye amezi atatu Irani yugaye umuhora wa Hormuz mu kwihora ku bitero Amerika na Israel bari tanguye kugaba kuri yo.
Ukwo kuzibira ubwato buva canke bwinjira mu bivuko vya Iran kwari kwahavuye gukurwaho mu kwezi guheze (6), mu ntumbero yâamasezerano yo guhagarika intambara yari yashitsweko hagati ya Amerika na Irani.
Igihe ingingo yo kuzibira no kuzitira ibivuko vya Iran yari ikiri mu ngiro, igisirikare ca Amerika kivuga ko casubije inyuma nâimiburiburi ubwato bw'ubudandaji 142. Kivuga kandi ko carashe ubundi bwato nâimiburiburi icenda kivuga ko bwari bwanse gukurikiza amabwirizwa cari cabuhaye.
Nâubwo ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi bwari bwashizeho umurongo werekana aho ukuzitira ibivuko vya Iran kugera ku bwinjiriro bwâikigobe ca Oman, abasirikare ba Amerika barafashe ariko baranasaka ubundi bwato bwinshi kure y'ako karere.
Nk'akarorero, ubwato bunini butwara igitoro bwitwa Tifani bwafatiwe mu buseruko bwa Sri Lanka, inyuma y'indwi irenga buvuye mu Kigobe.
Izindi nkuru wosoma:
Amerika isubijeho ingingo yo kuzibira ibivuko vya Iran â Trump
Perezida Donald Trump ahejeje gutangaza ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisubiriye kubuza ubwato buva canke bwinjira mu bivuko vya Iran kurengana.
Ubutumwa yashize ku rubuga rwiwe Truth Social bugira buti:
"Umuhora wa Hormuz uruguruye kandi uzoguma wuguruye, habamwo canke hatabamwo Irani. Turasubijeho ukuzibira Irani, vyiswe gurtyo kubera bihagarika gusa ubwato bwa Irani canke bikabuza abakiriya bayo kwinjira no gusohoka. Ibindi bihugu vyose bizokwemererwa gukoresha uwo muhora mu mwidegemvyo kandi ata nkomanziâ.
Ubwo butumwa bubandanya bugira buti:
"Kuva ubu, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizomenyekana nk'umurinzi wâumuhora wa Hormuz. Ariko ku bwâico ico gikorwa, kandi no mu ntumbero yo gutunganiriza bose, Amerika izosubizwa amafaranga angana na 20% vy'imizigo yose izoba iciye muri uwo muhora, kugira harihwe amahera yose akenewe mu gikorwa co gucungera no kurindira umutekano uwo muhora uri muri ako karere k'isi karangwamwo umutekano muke. Gushira mu ngiro iyi ngingo bitangura buno nyene."
Izindi nkuru wosoma:
Umunyamerika wa kabiri yanduye Ebola yimuriwe mu Budagi
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO) ryemeje ko umukozi agira kabiri w'Umunyamerika akora ibikorwa vy'ubutabazi yanduye umugera wa Ebola wo mu bwoko bwa Bundibugyo i Bunia, mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, yimuriwe mu Budagi kugira abandanye avurirwayo.
Imbere y'uko ajanwa muri ico gihugu, uwo murwayi yari asanzwe ariko arakurikiranirwa, mu buryo budasanzwe kandi bwihariye, mu ntara ya Ituri.
Inkuru iramvuye soma ngaha
Sudan: Umukuru wâumuhari RSF yaciriwe urwo gupfa ku vyaha vyo mu ntambara
Muri Sudan, sentare yaciriye urubanza rwo gupfa umukuru w'umurwi witwara gisirikare Rapid Support Forces (RSF), Mohamed Hamdan Dagalo, imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara, ibikorerwa zina muntu hamwe n'ihonyabwoko rifitaniye isano nâamahano yabereye mu ntara yo mu burengero ya Darfur.
Sentare y'i Port Sudan, akarere kagenzurwa n'igisirikare, yakubise intahe mu gahanga Dagalo â azwi kw'izina rya Hemedti â atahari, hamwe n'abandi bategetsi 15 b'umuhari RSF, baciriwe urubanza nkâurwo nyene.
Umuhari RSF nturagira ico uvuze kuri urwo rubanza. Ariko imbere yâaho, wagiye wiyamiriza ivyaha vyo mu ntambara wagirizwa.
Urubanza rwari rushimikiye ahanini ku bivugwa ko ari amahano yakorewe ku murwa mukuru w'akarere el-Geneina, harimwo nâigandagurwa ry'umukuru w'iyo ntara, Khamis Abbakar, mu kwezi kwa gatandatu mu 2023.
Sentare yasanze kandi abo bagirizwa, uko ari16, bafatwa nâicaha co gusambura no gusahura itunga mu turere tutari duke, kugaba ibitero ku banyagihugu, ku mashure, ku bibanza vyo gusengeramwo hamwe no ku mihana.
Izindi nkuru wosoma:
Umukuru wa ONU aragabisha ku 'ngaruka mbi cane' mu gihe Iran na Amerika vyasubiriye kurasana
Umunyamabanga mukuru wâishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko "arajwe ishinga cane" n'intambara yasubiriye kwaduka mu karere ko mu kigobe, agasaba impande zompi kugerageza "kwigumya ukwo bishoboka kwose".
Mwâitangazo yasohoye imbere yâurukurikirane rwâibitero vya Amerika kuri Irani vyo mwâijoro ryo ku wa Mungu, Antonio Guterres yagabishije ko gusubira mu ntambara yeruye vyogira "ingaruka mbi cane".
Asaba kandi ko hasubira kwubahirizwa âubwisanzure bwâuruja nâuruzaâ mu muhora wa Hormuz.
Ivyashikirijwe n'Umunyamabanga mukuru wa ONU biranegurwa nâumuvugizi wâubushikiranganji bwâimigenderanire wa Iran, Esmail Baghaei.
Ku wa Mungu, uwo mutegetsi yavuze ko ibitero Irani yagavye ku birindiro vya Amerika biri mu karere ari "ugukoresha mu buryo bwemewe n'amategeko uburenganzira bw'igihugu bwo kwivuna, nk'uko bitegekanijwe n'amategeko mpuzamakungu".
Asaba Guterres guhimiriza ibihugu vyo mu karere kureka kwemerera Amerika ngo ikoreshe ubutaka bwavyo "nk'ikibanza co kugabiramwo ibitero vyerekezwa kuri Irani".
Izindi nkuru wosoma:
Nta bwato bwagaragaye buriko buraca mu muhora wa Hormuz
Kuva ku mugoroba wâejo ku wa Mungu, nta bwato na bumwe bwâubudandaji bwagaragaye buriko burarengana mu muhora wa Hormuz bwakije ubuhinga bwabwo bwerekana aho bugeze, nk'uko bimenyeshwa nâurubuga âMaritime trafficâ rukurikirana uruja nâuruza rwâubwato.
Ubundi bushobora kuba bwararenganye muri uwo muhora bwazimije ubuhinga butuma hamenyekana aho bugeze.
Ku wa Mungu, igisata ca reta ya Iran kijejwe kugenzura umuhora wa Hormuz kizwi nka PGSA cavuze ko uwo muhora âubu ntushobokaâ kubera âibikorwa biteye kubiri nâamategeko vyâingabo za Amerika muri ako karereâ
Ubwato umunani bwâubudandaji, harimwo ubutwara igitoro, ubutwara imizigo nâibindi bintu bitandukanye, bwaraciye muri uwo muhora ku wa Mungu.
Ico gitigiri cerekana ko uruja nâuruza rwagabanutse ugereranije nâubwato 21 bwari bwahaciye ku wa gatandatu, na 14 bwari bwahaciye ku wa gatanu, nk'uko bimenyeshwa na komanyi Kpler ikurikirana ikanasesangura amakuru yâuruja nâuruza mu biyaga.
Muri ubwo bwato umunani bwahaciye ku wa Mungu, bubiri gusa ni bwo bwakije ubuhinga bwerekana aho bugeze buriko burarengana muri Hormuz. Kandi bwose bwahaciye imbere yâuko igisata PGSA gisohora itangazo ryaco.
Ubundi butandatu bwabonywe na Kpler, bwariko burarengana butakije ubuhinga bwerekana aho bugeze.
Izindi nkuru wosoma:
Ubwongereza bwatangiye amagerageza y'urukingo rwa Ebola rwakozwe mu byumweru umunani
Urukingo rushya rwo guhangana n'ikiza cya Ebola ubu rugiye kugeragerezwa ku bantu, nyuma yuko ikigo cyâUbwongereza cyâubugenzuzi bwâimiti gitanze uruhushya rwuko amagerageza akorwa.
Abahanga muri siyanse bo kuri Kaminuza ya Oxford batangiye gukora urwo rukingo mu byumweru umunani bishize, ubwo ishami ryâUmuryango wâAbibumbye ryita ku buzima ryatangazaga ko ikiza gishya cya Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) ari ikibazo cyâubuzima rusange cyihutirwa gihangayikishije isi, hari ku itariki ya 17 Gicurasi (5).
Ni rwo rwa mbere â mu nkingo enye zirimo gukorwa â ruhawe uruhushya rwo kugeragerezwa ku bantu.
Abakorerabushake bo kugeragerezwaho urwo rukingo barimo kwegeranywa. Biteganyijwe ko doze za mbere zizahabwa abantu bakuru bafite ubuzima bwiza bo mu Bwongereza âmu gihe kitarenze ibyumweruâ kiri imbere.
Ikiza cya Ebola muri DRC kimaze kwica abantu 702 naho abandi 1,926 byemejwe ko banduye Ebola muri icyo gihugu.
Iki kiza cya 17 mu mateka ya DRC cyatewe nâubwoko bwa Bundibugyo bwa Ebola, mbere yaho bwari bwarateje ibiza bibiri. Nta muti nâurukingo biriho byemejwe byâubu bwoko bwa Ebola.
Izindi nkuru wasoma:
Thailand: Abantu nibura 27 bapfuye abandi 25 barakomereka cyane mu muriro wadutse mu kabari i Bangkok
Umuriro mwinshi cyane wadutse mu kabari ko mu murwa mukuru Bangkok wa Thailand ku cyumweru, wica abantu nibura 27 naho abandi 25 barakomereka cyane.
Uwo muriro watangiriye imbere ahigiye hejuru muri ako kabari ko mu karere ka Chatuchak, nuko urakwirakwira mu buryo bwihuse, utuma umuriro wâamashanyarazi ubura ndetse icyo cyumba cyuzuramo umwotsi, nkuko abibonye babivuga.
Amashusho yatangajwe ku mbuga nkoranyambaga agaragaza abakiliya bahiye ubwoba barimo gutaka ubwo bari barimo guhunga â imyenda ya bamwe muri bo irimo gushya â banyuze mu muryango wâimbere wari urimo gushya wâako kabari kitwa Rong Beer Na Lat Phrao.
Abazimya umuriro, bageze aho hantu nyuma gato ya saa sita zâijoro ku isaha yaho, bahise bazimya uwo muriro. Basanze imirambo ya benshi mu bapfuye iri mu bwiherero, uko bigaragara abapfuye bakaba ari ho bari bagiye kwihisha.
Amaperereza yâibanze yakozwe nâurwego rwâumujyi wa Bangkok rwo guhangana nâibiza yumvikanisha ko uwo muriro ushobora kuba watewe nâikibazo cyavutse mu nsinga zâamashanyarazi (ibizwi nka âshort circuitâ) zo mu cyuma gikonjesha mu nzu, nubwo nta mpamvu yateje uwo muriro yari yatangazwa nâabategetsi.
Abategetsi basezeranyije ko hazakorwa iperereza ryimbitse.
Ubu si ubwa mbere ibi bibaye muri Thailand.
Nubwo abategetsi bagiye basezeranya kunoza ingamba zâumutekano zijyanye nâumuriro wâamashanyarazi nyuma yâibibazo nkâibyo byabaye mbere yaho, akenshi ubwo buryo bwâingamba zâumutekano ntibushyirwa mu ngiro neza.
Izindi nkuru wasoma:
Ikipe ya karate y'u Burundi yegukanye umwanya wa gatatu mu irushanwa ry'Afurika yo hagati
Ikipe yâigihugu yâu Burundi yâabakobwa nâabahungu yâumukino wa karate yaraye yegukanye umwanya wa gatatu mu irushanwa ryo ku rwego rwâAfurika yo hagati ryabereye i Bujumbura mu mpera yâicyumweru gishize.
Radio-Televiziyo yâu Burundi (RTNB) yatangaje ko ikipe ya karate yâicyo gihugu yegukanye imidali 49, irimo irindwi ya zahabu, 34 ya feza nâimidali umunani yâumuringa.
Ni yo midali ya mbere myinshi u Burundi butsindiye mu irushanwa ryo kuri uru rwego, nkuko RTNB yabitangaje, isubiramo amagambo yâumutoza wâikipe yâigihugu Gilbert Havugimpundu.
Umwanya wa mbere wegukanywe nâikipe yâigihugu ya Cameroun, yarangije irushanwa itsindiye imidali 28 ya zahabu, irindwi ya feza nâibiri yâumuringa.
Ikipe yâigihugu ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo yabaye iya kabiri, ikurikirwa nâu Burundi, Gabon iba iya kane, GuinĂ©e Ă©quatoriale iba iya gatanu naho Tchad iba iya gatandatu.
Perezida wâishyirahamwe ryâumukino wa karate mu Burundi (FEBUKA) Sylvain Nzikoruriho yavuze ko ibihugu icyenda ari byo byari byitezwe kwitabira iryo rushanwa ariko birangira bitandatu ari byo biryitabiriye. Bitatu bitabonetse ni SĂŁo TomĂ©-et-Principe, Repubulika ya Centrafrique na Congo-Brazzaville.
Nzikoruriho yavuze ko iri rushanwa ryabereye abakarateka bo mu Burundi umwanya wo kumenya aho bagicyeneye kunoza mu kwitegura amarushanwa mpuzamahanga ari imbere.
Yasabye leta gufasha FEBUKA kubona inzobere mpuzamahanga zo muri uwo mukino kugira ngo zibafashe ikipe y'igihugu mu myiteguro.
Izindi nkuru wasoma:
Afurika y'Epfo ivuga ko abanyamahanga barenga 53,000 birukanwe mu gikorwa cy''imicungire y'abimukira'
Leta yâAfurika yâEpfo ivuga ko abanyamahanga barenga 53,000 birukanwe cyangwa bacyurwa iwabo kuva itangije igikorwa cy'"imicungire yâabimukira" mu byumweru bitanu bishize.
Abategetsi bavuga ko benshi muri abo ari abakomoka muri Malawi, Zimbabwe na Mozambique, ndetse uwo mubare ushobora kwiyongera kuko ibikorwa byo kwirukana no gucyura abanyamahanga bikomeje.
Afurika yâEpfo irimo gukora kimwe mu bikorwa binini cyane byo guhashya abimukira badafite ibyangombwa byemewe cya mbere kibayeho muri iyi myaka ishize, nyuma yâibyumweru bishize haba imyigaragambyo yo kwamagana abimukira yabayemo urugomo, gutera ubwoba no gusahura.
Abigaragambya bakomeje gusaba ko habaho uburyo bukomeye cyane bwo kugenzura imipaka no kwirukana ku bwinshi, bagashinja abimukira kugira uruhare mu bushomeri bwinshi buri muri icyo gihugu, ikigero gikomeje kwiyongera cyâubugizi bwa nabi nâirindimuka rya serivisi zigenewe abaturage.
Umuryango wâAbibumbye waburiye ku kudakoresha abimukira nka nyirabayazana wâibibazo byo mu mibereho nâubukungu Afurika yâEpfo ifite.
Impirimbanyi zirwanya abimukira zakangishije ko zizajya zikora imyigaragambyo rimwe mu cyumweru yo kwotsa igitutu leta kugeza ibyo zisaba bigezweho, ndetse hari ubwoba ko iyo myigaragambyo ishobora guhinduka iyâurugomo.
Abigaragambya bari bashyizeho âitariki ntarengwa yabo bwiteâ ya 30 Kamena (6) kugira ngo abimukira bose badafite ibyangombwa byemewe babe bamaze kuva muri icyo gihugu. Byatumye abanyamahanga benshi bava muri Afurika yâEpfo bahunga urugomo no guterwa ubwoba.
Mu byumweru bya vuba aha bishize, ibihugu byinshi, birimo Ghana, Nigeria, Uganda na Kenya, byakoresheje indege mu gucyura abaturage babyo.
Ku cyumweru, Minisitiri wâubutabera no guteza imbere itegekonshinga wâAfurika yâEpfo, Mmamoloko Kubayi, yatangaje ko abanyamahanga 53,499 birukanwe abandi bacyurwa iwabo, âbiganjemo Abanya-Malawi, bakurikiwe nâAbanya-Zimbabwe nâAbanya-Mozambiqueâ.
Mu kiganiro nâabanyamakuru i Pretoria, Minisitiri Kubayi yagize ati:
âTurimo kwihatira kugera kuri gahunda yâabimukira isanzwe kandi iri ku murongo izirikana ndetse yigengesera ku mpungenge zigaragazwa nâabaturage bacu, ari na ko yubahiriza uburenganzira bwa muntu nâicyubahiro cyâabantu bose bari mu gihugu cyacu, hatitawe ku bwenegihugu bwabo nâimiterere yâubwimukira bwabo [uko dosiye zabo zijyanye nâubwimukira zihagaze].â
Izindi nkuru wasoma:
Amerika ishimangira ko Umuhora wa Hormuz ufunguye mu gihe yarasanye na Iran
Amerika ishimangira ko Umuhora wa Hormuz ufunguye, nubwo Iran ivuga ko yafunze iyo nzira yo mu mazi mu gihe impande zombi zagabanyeho ibindi bitero.
Imirwano, yongeye kubura mu cyumweru gishize, yarakomeje ku wa gatandatu nyuma yuko Amerika ivuze ko yarashe ahantu harenga 140 muri Iran. Ibyo bitero byari ibyo gusubiza ingabo za Iran nyuma yuko zirashe ubwato bwari burimo kunyura muri uwo muhora, Iran ivuga ko bwari burimo gukoresha inzira itemewe.
Iran ikomeje kugerageza gushimangira ubugenzuzi bwayo kuri iyo nzira yo mu mazi, ndetse mu gitondo cyo ku cyumweru yavuze ko iyo nzira ifunze kugeza hatanzwe irindi tangazo.
Umutwe wihariye wo mu ngabo za Iran wa IRGC (Islamic Revolutionary Guard Corps) na wo ku cyumweru wagabye ibitero byinshi ku bigo bya gisirikare byâAmerika no ku nshuti zayo zo muri ako karere, bituma ibintu bifata indi ntera ku bijyanye nâingano yâimirwano.
IRGC yavuze ko yarashe ikigo cya gisirikare cyâAmerika kiri muri Jordan (Jordanie), mu gihe Emira Zunze Ubumwe zâAbarabu (UAE), Qatar, Kuwait, Oman na Bahrain byose byavuze ko byasubije (byitabaye) kuri za misile nâindege nto zâintambara zitajyamo abapilote (zizwi nka âdroneâ) bya Iran.
BBC yasabye bumwe mu buyobozi bukuru bwâingabo zâAmerika (CENTCOM) kugira icyo buvuga kuri icyo gitero cyo muri Jordan, kugeza ubu ntiburasubiza.
Qatar, umuhuza mu biganiro ku gahenge, ntiyari bwongere guterwa kuva muri Mata (4), mu gihe UAE yo itari yarigeze iterwa kuva muri Gicurasi (5) uyu mwaka.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
How it works
Once you click Generate, Ollama reads this article and crafts 5 comprehension questions. Your answers are graded against the article content â general knowledge won't be enough. Score 70+ to count toward your certificate.
Questions are cached â you'll always get the same 5 for this article.